Abantu 12 bashakishwa n'Uburundi

Valentin Bagorikunda ashaka ko Ububirigi bwamurungikira abo bantu.
Image caption Valentin Bagorikunda ashaka ko Ububirigi bwamurungikira abo bantu.

Abantu 12 barimwo abarongoye imigambwe itavuga rumwe na leta n'amashirahamwe atarondera inyungu za politike umushikirizamanza mukuru w'Uburundi ashaka ko Ububiligi bwo bafata bukabamurungikira.

Ivyo Valentin Bagorikunda abisaba abicishije mu rwandiko yarungikiye umushikiranganji w'ubutungane kugira nawe abisabe abategetsi b'Ububiligi biciye mu nzira z'imigenderanire.

Iryo kete ry'umushikirizamanza mukuru - Valentin Bagorikunda - rimaze iminsi 10 ryanditswe ariko kuva ejo niho ryantangura gukwiragira mu binyamakuru no ku mbuga za internet. Kandi amakuru dukura mu begereye ubushikirizamanza baremeza ko ariryo.

Abo ashaka ko barungikwa ni Pacifique Nininahazwe, yari arongoye ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike FOCODE co kimwe na Vital Nshimirimana arongoye FORSC, na Marguerite Barankitse w'ikigo gifasha impfuvyi Maison Shaloom.

Hari kandi Pontien Gaciyubwenge yari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi igihe haba ukugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu.

Abandi babaye abategetsi bari kuri urwo rutonde ni Pio Ntavyohanyuma yahora ari umukuru w'inama nshingamateka na Gervais Rufyikiri yari icegera ca Kabiri ca Presida Pierre Nkurunziza imbere y'amatora aheruka.

Harimwo n'abanyepolitike nka Chauvinon Mugwengezo wo mu mugambwe UPD, Alexis Sinduhije umukuru wa MSD na Pancrace Cimpaye wo mu mugambwe Sahwanya Frodebu.

Eka na Evaritse Nsabiyumva arazwi cane mu mugambwe CNDD FDD co kimwe na Catherine Mabobori mu mugambwe Uprona. Uwundi n'uwitwa Ndayisenga Felix.

Iryo kete ntirivuga ico umwe yagirizwa ariko rivuga ko baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi ku bijanye n'urubanza rw'abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu n'abo leta ivuga ko bagiye mu migumuko kuva kw'itariki ya 26 z'ukwezi kwa kane.