Abantu 42 baguye mu mpanuka mu Bufaransa

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umudereva w'ikamyo yaseye n'uwunanirwa kuyigarura, inyerera ija mu nzira ya bisi birasekana

Abantu mirongo ine na babiri baguye mu mpanuka ya mbere mbi itaheruka mu Bufaransa mu myaka mirongo itatu.

Ibisi yari itwaye mu karuhuko abantu bari mu zabukuru, yagonganye n'ikamyo zica zaka umuriro mu muji wa Libourne mu bumanuko bushira uburengero bw'intara ya Gironde.

Buramatari w'iyo ntara yavuze ko umudereva w'iyo kamyo vyaseye n'uko imunaniye, ica iranyerera ija mu rundi ruhande rw'ibarabara, rwariko rurazananamwo iyo bisi.

Abatuye hafi babonye imyotsi myinshi gushika ku birometero bitari bike.

Umukuru w'igihugu w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko leta iriko irakusanya ubushobozi bwose kugira bafashe muco yise akaga gakomeye.