Ni nde uzasimbura Perezida Kiwete?

Uwufise ububasha kw’isanamu PSCU
Image caption Perezida Jakaya Kikwete arangije manda ebyiri yemererwa n'itegekonshinga rya Tanzaniya

Imigambwe izogira uruhara mu matora yo kuri uyu w'Imana ararangiza kwiyamamaza kuri uyu mugoroba nk'uko bitegekanyijwe mw'ibwirizwa rigenga amatora muri ico gihugu.

Image caption Abayoboke b'ishyaka riri ku butegetsi rya CCM muri Tanzaniya

Kuri uyu munsi wa nyuma wo kwiyamamaza, umugambwe uri ku butegetsi CCM, wari mu gisagara ca Mwanza, aho John Pombe Magufuri, azitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, yemereye ko agiye guteza imbere uburezi ku buryo abanyeshure batazosubira kuriha amahera gushika bahejeje amashure yisumbuye.

Image caption Abo mu ihuriro ry'amashyaka ane atavuga rumwe na Leta bibumbiye mu cyitwa UKAWA, nabo biteze ko umukandida wabo azatsinda amatora.

Yiyemeje kandi kurwanya igiturire no gukoresha neza itunga ry'igihugu. Aha CCM ikaba yavuze ko ngo 'abahora barya igiturire' muri uwo mugambwe biyomoye bonyene.

Ku ruhande rw'urunani UKAWA, ruserukiwe n'uwahoze ari Umushikiranganji wa Mbere n'umuyoboke wa CCM, Edward Lowasa, na bo nyene mu myiyamamazo bagize kuri uyu wa Gatandatu mu gisagara ca Dar Es Salaam, bashize imbere kuzamura imbere uburezi. Bwana Lowasa avuga kandi ko azorwanya ubukene akoresheje ikoreshwa neza ry'itunga kama ry'ico gihugu.

Image caption Abakandida bahatanira gusimbura Perezida Jakaya Kikwete ku butegetsi muri Tanzaniya

Yagirije umugambwe yahozemwo wa CCM, ko inyuma y'imyaka 70 uri ku butegetsi, wananiwe guteza imbere abanyagihugu. Edwards Lowasa kandi, akaba yiyemeje kurwanya igiturire.

Abantu barenga imilioni 23 ni bo bitegekanijwe ko bazitaba amatora yo kuri uyu w'Imana, ku biro vy'amatora birenga ibihumbi bitandatu n'amajana atanu (6.500).

Amatora y'uyu mwaka abonwa nk'atandukanye n'ayabanje kubera imbaraga z'amashyaka atavuga rumwe na Leta.