Abanyatanzania bari mu matora

Kuva mu gitondo co kuri uyu w'Imana, abanyagihugu barenga imilioni 23 bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka.

Image caption Aba bararekana ko bamaze gutora.

Vyari bitegekanijwe ko amatora atangura isaha 12 zo mu gitondo arangire isaha icumi zo ku mugoroba, ariko hari aho mu bibanza bimwe bimwe vy'amatora batari bwatangure gushika kw'isaha 3, kubera ibikoresho bitari bwashike.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu bavuga ko banezerejwe no kwitorera abagiye kubarongora.

Edward Lowassa yitoza mu mabanga y'umukuru w'igihugu aserukiye urunani UKAWA, aza yamaze gutora, akaba yaciye amenyeha ko, mu gihe ayo matora atoba mu muco, atazokwemera ibizoba bivuyemwo.

Image caption Edward Lowassa niwe mukandida wa UKAWA.

Na yo John Magufuri yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rwa CCM, avuga ko anezerejwe no kuba, nk'umutanzania uwo ari wese, ashoboye gutora abategetsi bashasha. Ku kibazo co kumenya nimba azokwemera ibizoba bivuye mu matora, yasavye ko borindira ibivuye mu matora.

Image caption John Magufuli ni umukandida w'ishyaka riri ku butegetsi rya CCM.

Bamwe mu banyagihugu bavuganye na BBC bavuga ko banezerejwe no kwitorera abagiye kubarongora mu myaka itanu iri imbere.

Image caption Haratora abanyagihugu barenga imilioni 23.

Kuva muri iki gitondo, nta modoka canke ipikipiki vyunguruza abantu vyagaragara mu mabarabara, bikavugwa ko bose baburabiye mu rugi baja gutora.