Urwamo rw'amasasu mu muji wa Bujumbura

Image caption Umutekano uracateye ikibazo mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura

Ahanini amasasu aravugira mu bice vya Cibitoke na Ngaragara, ku ruhande rwegereye Kamenge.

Kuri uyu mugoroba, abantu 2 baguye mu gitero cabereye mu Cibitoke, aho benshi bita kurya Kanyoni.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye umunyamakuru wa BBC ko ico gitero cagabwe n'abantu bateye grenades bakongera bakarasa ku bapolisi bariko bagerageza gukura umuntu yari yitwaje inkota, yariko ica ibarabara.

Bivurwa ko uwo muntu asanzwe arwaye mu mutwe, yahavuye araswa n'igiplisi, uwundi ahitanwa na grenade.

Hari n'abapolisi indwi bakomeretse, kimwe n'abasirikare batatu.

Abo bakurikiye nibura abandi bantu 4 bishwe mu mpera z'indwi mu bitero vy'abantu bitwaje ibirwanisho bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura.

Umuntu umwe yaraye yishwe, abandi indwi barakomereka mu gitero c'abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana cabaye mw'ijoro ryakeye muri zone Kamenge mu buraruko bw'igisagra ca Bujumbura.

Musitanteri wa komine Ntahangwa, Remy Barampama, avuga ko hari igihe c'isaha zibiri z'ijoro, igihe abantu bitwaje ibirwanisho batera ama grenades abiri mu kabare kitwa "Bolingo ya sasa", kari muri zone Kamenge.

Mu bari muri ico kirabo umunani barakomeretse, harimwo batatu bakomeretse cane, umwe muri bo yacikaniye kwa muganga kuri uyu wa mbere.

Remy Barampa avuga ko amatohoza amaze gutangura, ariko biboneka ko umenga ico gitero carondera nyene ico kirabo, kuko ngo ayo ma grenades yatewe ariho acinjira.

Uwo nawe akaba ariwe yahora atwara komine Cibitoke, imwe mu ma komine yo mu gisagra ca Bujumbura imaze igihe irangwamwo umutekano muke.

Mu gitondo c'uno munsi naho, aho mu cibitoke haturikiye ama grenades abiri hafi y'ishure ryisumbuye rya komine Cibitoke, ariko ntacahononekariye.

Mu gipolisi bamenyesha ko ari umunyagihugu yariko aturira umucafu azayumva ayo ma grenades araturitse.

Abandi bishwe kuwa gatandatu

Uretse ico gitero co kuri uyu wa mungu, ku munsi wa gatandatu abantu 3 barishwe mu bitero vy'abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyeakana.

Umwe muri bo n'umupolisi yiciwe ku Musaga mu gitero c'abantu bitwaje ibirwanisho ku kirindiro c'igipolisi kiri kuri zone Musaga mu bumanuko bw'igisagara.

Hari n'abasivile babiri baguye mu buraruko bw'igisagra ca Bujumbura, nabo nyene bishwe n'abantu bitwaje ibirwanisho.

Ivyo biri uko mu gihe ikiringo catanzwe n'ubushikiranganji bw'umutekano co gusubiza ibirwanisho caheranye no kuwa gatandatu uheze, itariki 24 z'ukwezi kwa cumi.