Ikibazo c'umutekano kirakomeje mu Burundi

Image caption Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, yemeza ko abantu 2 bishwe n' abari kw' ipikipiki

Mu Burundi, uyu mugoroba ugize kane hikwirikiranya amasasu mu murwa mukuru Bujumbura, aho yahitanye 3 mw' ijoro ryakeye.

Babiri mu baraye bagandaguwe n'ijoro, n'umugabo n'umugore wiwe barasiwe ahitwa Gare du Nord muri zone Kamenge hafi y'inzu y'urudadanzwa yabo bari bavuyemwo batashe.

Umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye avuga ko abo bantu barashwe n'abantu bari kw'ipikipiki.

Uwugira gatatu yatowe ikiziga mu Ngagara muri karitiye 9 hafi y'ikiraro kigabura Mutakura na Ngagara.

Muri zino ndwi zibiri gusa abantu bagera ku 20 nibo bamaze guhitanwa n'ubwo bwicanyi.

Ivyo vyabaye mu gihe no hagati mu gihugu, mu ntara ya Gitega havugwa ko ku munsi w'ejo abantu bitwaje bateye muri komine Nyarusange, bakozanyako n'abashinzwe umutekano.

Buramatari w'intara ya Gitega arahakana ibivurwa ko abo bateye boba basize bononye imirima y'umukuru w'igihugu iri muri komine Nyarusange.

Yemeza ko muri uwo murwi hishwemwo abagera kuri indwi abandi nabo baca barasanzara, bamwe berekeza mu ma komine bihana imbibe na Nyarusange.

Venant Manirambona yita uwo murwi, umurwi w'inkozi z'ikibi ariko ngo ntiyovuga ko ari umurwi witwaje ibirwanisho kuko ubwabo batavyivugira.