ONU ishaka ibiganiro mu Burundi

Ivyo biganiro mu Burundi ngo n'ivyo kugirango habonerwe umuti ibibazo bivugwa mu gihugu.

Ivyo biri mw'itangazo ryaraye ryemejwe n'ibihugu 15 bigize akanama ka ONU gashinzwe umutekano ku isi.

Mu Burundi havugwa umutekano muke cane cane mu murwa mukuru Bujumbura n'ubwumvikane buke bwa politiki bwakurikiye icemezo c'umukuru w'igihugu co kwiyamamariza kongera kuyobora iyo gihugu.

Mw'itangazo rigenewe abamenyeshamakuru Inama ijejwe umutekano muri ONU ivuga ko ihagaritswe umutima cane n'umutekano ubandanya kwunyuka mu Burundi hamwe n'ubwicanyi buguma bwiyongera.

ONU itewe impungene no kutabona iyo ibintu bitera bija mu gihe ata biganiro biriko biraba hagati y'impande zibifisemwo uruhara.

Iyo nama isanga ivyo gusinzikaza agateka ka zina muntu biguma vyiyongera harimwo kwica abantu ata rubanza, kwica urubozo n'ayandi mabi atesha agaciro umuntu, gufata no gufunga abantu bidaciye mu mategeko.

Abagize iyo nama babajwe kandi n'ukudahana kwiganje mu gihugu, kwica abantu umwe umwe, kubuza gushikiriza ico umumutu yiyujmvira harimwo n'abamenyeshamakuru mu gihe abarundi baja mu kaga baguma baba benshi, ubu abahunze igihugu ngo bakaba barenga ibihumbi amajana abiri.

Iyo nama ya ONU iratera ivyatsi ibikorwa vy'intureka vyaba ibigirwa n'abajejwe umutekano ba leta vyaba ivy'imigwi itemewe n'amategeko ifise ibigwanisho, igasaba ko ababikora bashikanwa imbere y'ubutungane.

Ivyo bihugu 15 bigize iyo nama bisaba imnpade zose kwrinda gukoresha ibiganisho mu kurondera inyishu z'ingorane zihari, ahubwo bikazisaba kuja mu biganiro kugira barindi igihugu ayandi magorwa.

Ibihugu bigize iyo nama vyafashe nka nkama ingingo y'ishirahanwe rya Africa ryo gufatira ibihano abantu bamwe bamwe.

Harimwo nko kubuza kuja mu makungu no gufatira amatungo y'uwo wese ibikorwa vyiwe canke amajambo avuga ashobora kuba intambanyi y'inzira yo kuronderera inyishu ibibazo vy'uburundi.