Ubushinwa bwemeye kuvyara umwana arenze umwe

Image caption Itegeko ryo kuvyara umwana umwe ryashizweko mu Bushinwa kugira bagabanye kwiyongera kw'abanyagihugu

Ubushinwa bwatangaje ko havuyeko itegeko ritashimwa na benshi ribwiriza kuvyara umwana umwe gusa.

Mu mwanya muto uheze, ikigo ntaramakuru c'Ubushinwa, Xinhua, catanganje ko ababana ubu bemerewe kugira abana babiri.

Xinhua yavuze ivyanditse mu rwandiko rw'umugambwe Communist Party uri ku butegetsi, rwasohowe nyuma y'inama y'iminsi ine igamije gutunganya umugambi w'iterambere mu butunzi mu myaka itanu iri imbere.

Itegeko ribwiriza kuvyara umwana umwe rimaze imyaka mirongo itatu rishizweko, rikaba ryari rigamije kugabanya ukwiyongera kw'abanyagihugu b'Ubushinwa.