Ishirahamwe rya Buraya rishobora gusambuka

Image caption Federica Mogherini avuga ko Uburaya bushobora kwungukira mu gutunganya neza kwakira abimukira

Uwujejwe ivy'imigenderanire mw'ishirahamwe rya Buraya, Federica Mogherini, yagabishishe ko rishobora gusambuka niritakemurira hamwe ikibazo c'abimukira.

Umupfasoni Mogherini yavuze ko ikibazo atari igitigiri c'abimukira bashika ku mbibe z'Uburaya, ngo ahubwo n'ukudakorera hamwe nyakwo ku rwego mpuzamakungu mu gutorera umuti ico kibazo.

Yavuze ko ishirahamwe rya Buraya rironse uko rihangana n'iki kibazo, abimukira baza ngo bofasha ahubwo gukomeza Uburaya muri rusangi.

Ngo bitagenze uko, yagabishije ko ibintu bishobora kwunyuka bitewe n'ukuntu bigaraga mu maso y'abanyagihugu hamwe n'ukuntu igihugu kimwe kimwe kivyifatamwo.