Inama y'Ubuhindi na Afrika irabera i Delhi

Image caption Inama ya Afrika n'Ubuhindi ibera i Delhi niyo ihambaye kuri urwo rwego, imaze kuba

Abarongozi b'ibihugu birenga mirongo itanu vyo muri Afrika bari mu Buhindi kuganira ku kuntu boteza imbere urudandazwa.

Iyi nama hagati ya Afrika n'Ubuhindi ibera mu muji wa Delhi niyo ihambaye kurusha izindi kuri uru rwego, umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, akaza gushikiriza ijambo uno munsi.

Mw'ijambo ryo kwakira abitavye inama, yatangaje ko Ubuhindi na Afrika ariho hantu habiri ubutunzi bw'isi buzeye uburamuko.

Yavuze ko ikinjana ca mirongo ibiri na rimwe ari bo bategerezwa kugitunganya no kucubaka.