John Magufuli yatsinze amatora muri Tanzania

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugwi ujejwe amatora muri Tanzania utangaza ko John Magufuri

Uwuserukiye umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania, CCM, John Magufuli, yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu nk'uko bitangazwa n'umugwi ujejwe amatora.

John Magufuli yaronse amajwi 8.882.935; n'ukuvuga ibice 58.46%, nayo uwo bahiganwa wo mu runani Ukawa, Edward Lowasa, aronka amajwi 6.072.848; n'ukuvuga ibice 39.97%.

Umugwi ujejwe amatora muri Tanzania uvuga ko amatora yitabwe gushika ku bice 67%.

Lowasa ariko yari yatangaje ivyiwe

Edward Lowasa kare yashikirije umugwi ujejwe amatora muri Tanzania ivyo avuga ko anenga.

Lowasa aserukiye urunani rw'imigambwe ine, Ukawa, avuga ko yaronse amajwi 62% mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye kuwa mungu.

Yasavye uwo mugwi ujejwe amatora ko wotangaza vyihuta ko yatsinze amatora, ashimira abamutoye anasaba abanyagihugu guharanira ivyo bagenewe.

Muri Zanzibar ariko hoho abagize umurwi ujejwe guteguyra amatora ZEC ntibumvikana ku ngingo yo gufuta amatora.

Abo mu mugambwe CCM bashigikiye iyo ngingo yafashwe n'umurwi w'amatora mu gihe abatavuga rumwe na leta nabo bavuga ko iyo ngingo yafashwe hadakurikijwe amategeko.