Ubwicanyi burakomeza muri Sudani y'epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

MSF ivuga ko ironka ivyegeranyo bivuga kw'inyuruzwa ry'abantu, gufatwa ku nvugu ndetse no kwicwa, ikaba ngo yariboneye ibisagara vyasanganguwe n'imiriro bigacika umunyota.

Ivuga kandi ko abanyagihugu bahanzwe n'ubugizi bwa nabi butari bwagere ku rugero buriko kino gihe.

Ingabo zishigikiye prezident Salva Kiir zakomeje gutana mu mitwe n'abo ku ruhande rwa Riek Machar, n'ubwo bitwa ko bumvikanye guhagarika intambara mu kwezi kw'umunani.