Inama ikomeye ku kibazo ca Syria muri Autriche

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abegwa n'ikibazo ca Syria baraganira ku muti waco

Abafise uruhara bose mu ntambara iri muri Syria bitavye inama ku murwa mukuru wa Autiche, Vienne.

Ku nshuro ya mbere igihugu ca Irani kiraba kiri muti iyo nama.

Leta zunze ubumwe za Amerika na Arabie Saudite, vyamye bitabona kumwe n'Uburusiya na Irani ibijanye na kazoza k'umukuru w'igihugu ca Syria, Bashar Al Assad.

Ariko impande zitavuga rumwe, ziteguriye kwumvikana ku butegetsi mfatakibanza, aho Bashar al-Assad yoguma ku butegetsi igihe gito.

Umunyamakuru wa BBC akurikirana ivyo biganiro avuga ko mu ngingo zishobora gufatwa harimwo guhagarika imirwano hamwe no guha ikigongwe abasirikare ku mpande zombi.

Yaba leta ya Syria ubwayo canke abayirwanya, nta n'umwe yatumiwe muri ivyo biganiro.