Amerika izorungika ingabo kabuhariwe muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Ibijanye n'irungikwa ry'izo ngabo bigiye gutangazwa mw' ido n'ido i Washington kuri yu wa gatanu.

Hari hasanzwe hari ibitero vy'ingabo z'abahinga za Leta zunze Ubumwe za Amerika muri Syria, ariko ivyo bitero ahanini bikorwa n'indege, kugez'ubu nta vyari bwatangazwe ko hari ingabo za Amerika zoba ziri ku butaka bwa Syria.

Irungikwa ry'abo basirkare 50 rivuzwe mu gihe ubutegetsi bwa perezida Obama bwaheruka kwiyemeza kongera inguvu mu gikorwa co kurwanya umurwi IS.