Tsipras atewe isoni no kunanirwa gufasha impunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Alexis Tsipras avuga ko kunanirwa gufasha abimukira biteye isoni

Umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, Alexis Tsipras, avuga ko atewe isoni n'uko Uburaya bwananiwe guhangana n'ikibazo c'abimukira.

Bwana Tsipras yavuze ko ibahari Aegean, kiretse ko riseha ibiza vy'abana, ngo rinaseha akaranga k'Uburaya.

Ibi abivuze nyuma y'aho abantu bashika ku mirongo ibiri, abarenga igice muri bo bagizwe n'abana n'inzoya, basomye nturi mw'ijoro ryakeye mw'ibahari Aegean bariko baragerageza kuja mu Bugiriki no muri Turkiya.

Abacungera inkengero z'Ubugiriki baracariko bararondera aboba bakiri bazima.

Ubwato umunani bw'abimukira bwararohamye mu minsi itatu iheze mu gihe ikirere kigenda kiramera nabi mw'ibahari Aegean.