Nta warusimvye mu mpanuka y'indege mu Misiri

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imiryango yabuze iri mu marira n'agahinda mu Burusiya

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Misiri bivuga ko indege itwara ingenzi yo mu Burusiya yakorotse igasambuka mu karere ka Sinai.

Iyo ndege yari ivuye mu kibanza co kuruhukiramwo ca Sharm el-Sheikh mu karere ya Red Sea igiye mu Burusiya, itwaye abantu amajana abiri na mirongo ibiri na bane, bose akaba ata numwe yarusimvye.

Ibitangazamakuru vyo mu Misiri bivuga ko ibisigarira vyayo vyatowe mu buraruko bwa Sinai.

Kare, ikigo kijejwe ingendo z'indege mu Burusiya catangaje ko iyo ndege itakigaraga mu cuma ca radara, kandi ko ata butumwa iriko iratanga.

Iyo ndege yo mu bwoko Airbus A-321, yakoreshwa n'ikompanyi ya Kogalymavia yo mu Burusiya.

Amarira mu Burusiya

Image caption Iyo ndege yari ivuye mu kibanza co kuruhukiramwo ca Sharm el-Sheikh mu karere ka Sinai

Mu Burusiya, abagize imiryango y'abari muri iyo ndege, ni amarira, baguye mu gahundwe, barindiriye ku kibuga c'indege ca St Petersburg, bizera kuronka ayandi makuru.

Umukuru w'igihugu Putin yabahojeje, avuga ko umunsi wa mungu w'ejo ari uwo kwunamira abasize ubuzima muri iyo ndege.

Imigwi y'abajejwe gutabara b'Abarusiya hamwe n'abakora itohoza ku mpanuka z'indege, baciye barungikwa mu kibanza isanganya ryabereyemwo.

I Moscow naho bivugwa ko igipolisi casatse ibiro vy'ikompanyi Kogalymavia.