Abaganga bagomba kubwira abapolisi babonye umugore yagenyewe

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Abagenyera abakobwa bavuga ko "bituma bagira isuku, uburanga kandi ntibarenge ibigo"

Mu gihugu c'Ubwongereza, abaganga, abaforoma n'abigisha bategerezwa kubwira abapolisi babonye umugore canke umukobwa yaciwe ibice vy'igihimba c'irondoka.

Kunanirwa gukora ico gikorwa bizobaviramwo guhanwa, binashoboke ko babuzwa gusubira gukora.

Aya mategeko ari mu ngiro mu Bwongereza na Wales, mu gihe umukobwa ari munsi y'imyaka cumi n'umunani yoba yaragenyewe, canke abo bakozi bakabona ibimenyetso bivyerekana.

Kugenyera abagore n'abakobwa kirazira mu Bwongereza kuva mu 1985.

Kugenyera abakobwa, bigereranywa ngo gusiramura ku bagabo, bifatwa nk'igikorwa cose co guhindura canke gukomeretsa ibice vy'igihimba c'irondoka c'igitsinagore ata mpfamvu igaragara.

Aho bikabije

Iho bikorwa ku buryo bukabije, ibice vy'igihimba c'irondoka biracibwa hanyuma bakahabarira canke kuhadoda gushika umukobwa ageze kuvyara.

Ababikora bavuga ko bituma umugore canke umukobwa "agumana isuku, uburanga kandi ntarenge ibigo".

Hariko harakorwa icigwa co kuraba abegwa n'ico kibazo uko bangana, ariko vyibazwa ko igitigiri gishika ku 137.000 mu Bwongereza na Wales.

Kugenyera abakobwa mu Bwongereza bigaragara cane mu miryango y'abanye Afrika.

Leta yizera guheraheza uwo muco mu gihugu, ufatwa nk'akarenganyo, mu myaka 25 iri imbere.