Igitero kw'ihoteri muri Mogadishu

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imbere ya Sahafi HOtel, ahagabwe igitero

Abategetsi bavuga ko abo barwanyi bakoresheje imodokari yari ipakiye ibirwanisho biturika, mu kumena binjira mu kibanza c'ihoteri Sahafi.

Iyi hoteri isanzwe iri kw'ibirabarabara rigenderwa n'abantu benshi cane hagati mu muji, ikaba ikunze gucumbikamwo canke gukorerwamwo n'abanyamategeko n'abandi bategetsi ba leta.

Umurwi Al Shabaab umaze kwemanga ko ari wo wagavye ico gitero.

Umwe mu ntwazangabo za Somalia, yayoboye igitero cakuye abarwanyi ba Al shabaab mu muji wa Mogadishu, General Abdikarim Dhagabadan, ari mu bantu bagera kuri 15 baguye muri ico gitero.

Ingabo z'Ubumwe bwa Afrika kimwe n'iza leta ya Somalia zivuga ko zamaze kugarura umutekano muri ico kibanza.

Ariko hari amakuru avuga ko bene gutera bagifise abantu bafashe ingwati, indani muri iyo hoteri.