Burundi : Ijambo ry'umukuru w'igihugu

Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Pierre Nkurunziza

Mu Burundi umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yahaye ikiringo c’iminsi itanu abakora ububisha kugira babe bitanze.

‘’abatozokwitaba akamo tubateye gushika itari indwi z'ukwa 11 mu 2015 bazoca bafatwa nk’inkozi z’ibibi bahanwe n’amategeko agwanya iterabwoba kandi bagwanywe nk’abansi b’igihugu abafashwe nabo bace bacirirwa imanza ikibiriraho’’

Ivyo Perezida Pierre Nkurunziza yabivuze mw’ijambo yashikirije igihugu inyuma y’ikiringo yari yatanze kugira abafise ibigwanisho batabifitiye uruhusha babisubize ku gushaka kwabo.

Kuva itariki umunani ukwezi kwa 11, umukuru w’igihugu yavuze ko inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara.

Umukuru w’igihugu yari yiyemeje umunsi yaratangura amabanga yo kurongora igihugu ubugira gatatu ku wa 20/8/2015, ko mu mezi abiri umutekano uzoba wagarutse.

Mw’ijambo ryiwe yavuze ko muri ayo mezi ivyo vyashitsweko ku bice birenga 92%.

Umutekano mu gisagara ca Bujumbura watanguye guhungabana mu mpera z'ukwezi kwa kane ubwo hatangura imyoiyerekano y'abatari bashigikiye ko perezida NKurunziza yitoza ubugira gatatu.