Ubwicanyi mu Burundi

Prezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza yahaye abantu bafise ibigwanisho batemera ikiringo ciwe ca gatatu iminsi itanu yo kwitanga bace bagirirwa ikigomgwe canke bakurikiranwe n’amategeko yo kurwanya iterabwoba agiye gushirwaho imbere y’uko uku kwezi guhera.

Ivyo bije inyuma y’amezi menshi humvikana ibigwanisho mu gisagara, umunyamakuru wa BBC Alastair Leithead avuga ko vyavyuye ubwoba ko hashobora gusubira kwaduka intambara hagati mu gihugu.

Iyi ni inkuru ye:

Nari maze iminsi myinshi nja ndaronka amafoto. Buri igihe zija ziraza mw’itelephone yanje-akenshi hariko insiguro: ‘’ ivyo nivyo vyatowe uno munsi’’.

Umuntu anyandikira ashaka kuvuga ibiziga vy’abantu. Hafi buri munsi mu Burundi haratorwa ikiziga, catawe mu muvo canke iruhande y’ibarabara.

Kenshi baba barashwe canke bazibuwe imbugita mu gikiriza;rimwe na rimwe baba baboshwe-ubundi ntihabura uwufata ifoto.

Ayo mafoto n’izo video zishirwa kuri Facebook,canke zigahanahanwa ku ma telephone –ubu niko abantu bahanahana amakuru.

Ibinyamakuru vyigenga vyaracecekeshejwe.

Abanyamakuru n’abarongoye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baratewe ubwoba barahunga igihugu.

Imwe mu mafoto yaje kuri telephone yanje yari iyo umugore azwi cane yakorera umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi.

Iyo foto yaje haheze iminsi ibiri uwo mugore abuzwe irengero.

Image caption Umunyamakuru Christophe Nkezabahizi n'umuryango we bishwe barashwe mu kwezi gushize.

Iyindi yari iya Eloi Ndimira , umugabo w’imyaka 54 yagendera ku nkoni yariko aragerageza kubuza abapolisi kukubita umuntu kw’ibarabara.

Baciye bamuhindukirira. Iyo foto vy’ukuri irateye ubwoba. Sinoshobora no kuvuga ingene imeze.

Twahuye n’umuryango wiwe igihe bariko barashira amashurwe ku mva yiwe;baratinya kuvuga, ko abantu babona turi kumwe.

Bariko baroza ikiziga ngo baje kumuhamba, niho babona ko yakubiswe, araziburwa imbugita, araraswa. Hanyuma arabagwa akurwamwo umutima.

Ubwoba bukwiye hose

Si abo bantu babiri bonyenye bapfuye mu gisagara ca Bujumbura muri aya mayinga aheze.

Narabonye muri video inomero y’inzu yaheruka gusigwa irangi ry’ubururu: Nimero 48, Avenue Buye.

Urusazi ubu nirwo rwaduma ku ntango z’inzugi z’icuma, aho video yari yerekanye ahari ikidengeri c’amaraso hasi , aho Christophe Nkenzabahizi yarasiwe kabiri, bamwegereye, imyuma yo gukora ivyo abapolisi bari bamusavye hanyuma akugurura umwango.

Nkenzabahizi yari umuhinga wo gufata amasanamu ya camera kuri television ya leta. Ntaho yari ahuriye n’abo bagwanya leta binyegeje twahuye bo bazi inkurikizi zishobora kuva mu gufata amasanamu y’ikiziga cabonetse kw’ibarabara.

Ntiyari yagwanije ikiringo ca gatatu umukuru w’igihugu yatsindiye inyuma y’amatora benshi bavuze ko atagenze neza. Yari yashikirije inkuru leta yashaka kwumva.

Abapolisi ivyo bari babizi-yarabibabwiye imbere y’uko yicwa.

Bari babizi igihe babwira abo mu muryango wiwe ngo baryame bubitse inda mw’ibarabara-imbere y’uko bose bagandagurwa.