Abantu bane baraye biciwe i Bujumbura

Mu Burundi, mu ma quartiers amwe yo mu buraruko bw'umurwa mukuru Bujumbura hararangwa umutekano muke.

Abantu bane baraye bishwe ku Mutakura, Cibitoke na Buterere mu masasu menshi yahavugiye mw’ijoro.

Babiri biciwe ku Mutakura, uwundi mu Cibitoke mbere bamwishe baca bamukuramwo n’umutima.

Uwa kane yiciwe ku Buterere nawe bamuciye umutwe nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye.

Yemeza ko abaguye ku Mutakura bashobora kuba ari ‘’inkozi z’ikibi’’ igihe zariko zirarasana n’abajejwe umutekano.

Uwiciwe mu Cibitoke yari umukozi w’ishirahamwe rya assurance Jubilee.

Umuvugizi w’igipolisi yemeza ko yishwe ‘’n’inkozi z’ikibi ahejeje kurengana abajejwe umutekano bari bamubujije bamubwira ko hadahita’’.

Aho ku Mutakura na Cibitoke, ibarabara rikuru ryazindutse ryugawe. Ntawinjira avuye mu Ngangara canke ngo asohoke avuye Mutakura canke Cibitoke.

Abantu batanguye guhunga.

Abantu batari bake bariko bava ku Mutakura bahungira mu Buterere, quartier vyegeranye utera uja ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu burengero bw’igisagara.

Benshi bari biremetse matela n’ibikoresho vyo mu nzu. Abandi bapakije ku makinga.

Ababishoboye babitwara n’imiduga.

Uwufise ububasha kw’isanamu bb

Bavuga ko bagiye kuba barasaba indaro mu babanyi n’abagenzi.

Hasigaye iminsi itatu ku kiringo umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yatanze kugira abafise ibigwanisho babe bitanze imbere y’uko hakoreshwa uburyo bwose bwo kubahiga.

Abashikiranganji ba leta bamaze iminsi bariko barasigurira abaserukira abandi mu gisagara cose babatuma kwumvisha abo bantu kwubahiriza ako kamo. Babwira ko ico kiringo giheze ‘’ibikino bizoba birangiye’’, kandi ngo urutazokerekana canke avuge aho uwufise ikigwanisho ari azofatwa co kimwe nawe.

Ama zone agize igihe arangwamwo umutekano muke ni Musaga mu bumanuko, Jabe na Nyakabiga hagati mu gisagara, Ngagara, Cibitoke na Mutakura mu buraruko.

Ayo yose niyo yari akomeyemwo imiyiyerekano yo kwanka ikiringo ca gatatu ca presida Pierre Nkurunziza inyuma yo gutangaza ko azokwitoza mu mpera z’ukwezi kwa kane.