Umwirondoro wa André Ayew

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Vyinshi vyarakozwe ku ngorane zo kumenyera ihigwa ryo mu Bwongereza ariko Andre Ayew wo muri Ghana, yakoresheje ukwihweza ku buryo amenyera urukino rwa Swansea.

Umusi hugururwa ihiganwa, uwo mukinyi wo hagati yarinjije igitsindo ku kibuga ca Stamford Bridge ca Chelsea, urukino rurangira Swansea City unganije n’uwo mugwi watwaye igikombe co mw’ihiganwa riheruka, ibitsindo 2-2.

Ushobora gutora ukanze hano cyangwa se ukoyohereza ubutumwa bwa SMS ukoresheje telefone yayo kuri ino nimero +44 77 86 20 20 08:

Gutora Pierre-Emerick Aubameyang, kanda kuri 1

Gutora André Ayew, kanda kuri 2

Gutora Yacine Brahimi, kanda kuri 3

Gutora Sadio Mané, kanda kuri 4

Gutora Yaya Touré, kanda kuri 5

Ikindi gitsindo ca kabiri cabontse bariko bakinira iwabo na Manchester United aho binjije 2 kuri 1 mu mpera z’ukwezi k’umunani, cabaye ikimenyetso c’uko Ayew ahari.

Uwo musore w’imyaka 25 yarafashije umugwi wiwe mu kunganya avuye inyuma, ahereza mugenzi we Bafitimbi Gomes akoresheje agatsintsiri.

Mu gihe gito gusa, uwo mukinyi w’junja n’ijambo yaratahukanye agashimwe ku mukinyi wa mbere mwiza wo mu kwezi 8, bikaba vyemezwa ko ari umwe mu bakinyi beza baguzwe muri kino gihe.

Igitangaje n’uko Swansea yamwitoreye ata mugwi n’umwe bafitaniye amasezerano.

Ukunyaruka n’ubuhinga bwinshi, uwo musore mugufi w’umukinyi rurangiranwa Abedi Pele, Ayew asa n’uwatoye inyishu ikwiye muri iryo higanwa yamye yipfuza gukinamwo kuva kera.

« Biraryoshe gukina mw’ihiganwa ryo mu bwongereza ko yari yo ndoto yanje. » ivyo ni vyo yabwiye BBC Sport.

« Nashoboye kumera nk’abandi bakinyi kuko nashitse kare. Nararonse umwanya w’imbere y’uko ihiganwa ritangura, kwiga kumenyera abandi bakinyi, vyatumye nigirira icizere no kwumva ko ntegerezwa kugira ico nkoze ».

Mu kuvyerekana, yatsinze ibitego 5 aranafasha mu gutsinda rimwe mu nkino 11 zo mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Ayew yashitse mu Bwongereza inyuma y’ihiganwa ryo mu Bufaransa ari mu mugwi Marseille ritabagendeye neza aho baronse ikibanza ca 4, bakaba baranatsinzwe mua mahiganwa abiri yo guharanira igikombe rugikubita.

Ariko Ayew yari nk’urumuri, bakaba baramwerekanye bafise umubabaro ariko arasezera, avuye muri uwo mugwi yari yashitsemwo ari umwana hari haheze imyaka 11, akaba yatsindiye ibikombe bibiri mw’ihiganwa ryo mu Bufaransa, n’ibitsindo 61.

Igihe yariko arasezera abakunzi b’umugwi wa Marseille, ku kibuga ca Velodrome mu kwezi kwa gatanu mu gutema ivyatsi kuri ico kibuga nk’icibutso, vyaramunaniye kwihangana ararira, igihe isinzi ry’abantu bariko bararirimba izina ryiwe.

Si ubwa mbere yari akoroye amosozi muri uyu mwaka.

Mu kwezi kwa kabiri, yararize biranka ko ahozwa igihe igihugu ca Ghana cananirwa gutsindira igikombe ca mbere c’imigwi nserukirabihugu vyo ku mugabane wa Afrika, aho batsindwa mu rukino rwa nyuma n’umugwi wa Cote d’Ivoire.

Ayew yarinjije panalty, akaba kandi ico cegera ca kizigenza w’umugwi wa Ghana yarangije ihiganwa ariwe yinjije ibitsindo vyinshi, n’aho umwe mu bakinyi batanu yinjije ibitsindo 3.

Mu rukino rw’abahuje na Afrika y’epfo, yaratsinze igitsindo ku munota wa 83 Black Stars, igitsindo catumye bafata ikibanza ca mbere mu mugwi barimwo.

Ayew yatsindiye agashimwe ka BBC muri 2011, Ayew ashobora kuba umunye Ghana wa mbere atsindiye ako gashimwe incuro 2.

DORE UKO UMUHINGA MU GUSESENGURA- Michael Oti Adjei wa BBC Sport, Accra AMUBONA :

Nta mpari zirimwo. Ayew ni we mukinyi akunzwe cane muri Ghana muri kino gihe, umukinyi yabaye mwiza cane gusumba abandi muri uyu mwaka wa 2015, bigatuma ashobora gusubira kuba umukinyi wa mbere mwiza w’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.

Uravye uko ameze ubu haba muri Ghana canke mu mugwi wiwe mushasha wa Swansea, yotegerejwe kuronka iryo teka.

Yaragaragaye cane mu nkino zo guharanira igikombe c’imigwi nserukiragihugu ku mu gabane wa Afrika, mu gutsindwa ku mapenalty na Cote d’Ivoire mu kwezi kwa kabiri, ariwe arongoye abandi.

Mu mugwi wiwe, Ayew yifashe neza mbere birenze urugero, akaba yatanguye mw’ihiganwa ryo mu bwongera ata ngorane agize.

Ibitego bitano mu nkino 11, ku mukinyi wo hagati, hanyuma rero n’igitsindo yatsinze Manchester United kirerekana ingene yabaye umukinyi mwiza muri uyu mwaka.