Umwirondoro wa Yacine Brahimi

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Mu gihe ariwe yatsindiye ihiganwa rikoreshejwe na BBC ryo kurondera umukinyi wa mbere w’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika mu mwaka uheze, umu nya Algeria Yacine Brahimi ashobora kuzoba abaye umukinyi wa kabiri atsinze iryo higanwa ku myaka ibiri ikurikirana inyuma ya Jay-Jay Okocha wo mu gihugu ca Nigeria mu mwaka wa 2003 na 2004.

Uravye urutonde rw’ivyo amaze gukora, usanga aguma atera imbere na cane cane kuva aho yinjiriye mu mugwi FC Porto avuye muri Grenade yo muri Espagne mu kwezi kw’indwi mu mwaka wa 2014.

Ushobora gutora ukanze hano cyangwa se ukoyohereza ubutumwa bwa SMS ukoresheje telefone yayo kuri ino nimero +44 77 86 20 20 08:

Gutora Pierre-Emerick Aubameyang, kanda kuri 1

Gutora André Ayew, kanda kuri 2

Gutora Yacine Brahimi, kanda kuri 3

Gutora Sadio Mané, kanda kuri 4

Gutora Yaya Touré, kanda kuri 5

Uwo mukinyi w’imyaka 25 yabwiye BBC ati: “Nguma nunguka ubumenyi iyo ndiko ndakina n’imigwi ikomakomeye. Ivyo bisigura k’umuntu amenya vyinshi ariko bikava ku gukora cane imisi yose.”

Mu bikomeye Brahimi yashoboye gushikako n’ihiganwa rya Champions league ryo mu mwaka 2014/2015 aho yashoboye gucenga incuro 42 imbere y’inkino za demi-final, igitigiri carengejwe Lionel Messi w’umugwi Barcelona hamwe na Eden Hazard wa Chelsea.

Amagoli atanu yinjije yarafashije Porto gushika mu gice ca kane ca Champions league ubwa mbere mu myaka itandatu.

Ikindi bamwibukirako n’intsinzi y’ihiganwa y’igikombe mu migwi ya Buraya mu mwaka wo mu 1987 batsinze Bayern Munich. Uwo mu nya Portugal yaravuzwe batsinze abo bakinyi bo mu Budagi ibitsindo 3 kuri 1 mu gice ca kane.

Ico gihe Porto ikaba yahejeje mu migwi ine ya mbere, Brahimi atsinze amagori indwi mw’ihiganwa rya la liga hamwe na 13 muri rusangi.

Uwo mukinyi akina arondera gukwira ikibuga cose yabandanije asayangana gushika no muruno mwaka w’I 2015/2016, aho aguma afatwa nk’umukinyi aboneka kurusha abandi mu nkino.

Uwo musore yigiye umupira mw’ishuli Clairefontaine academy ryo mu bu Faransa amaze kwinjiza ibitsindo 7 mu nkino 14 zo mw’ihiganwa rya champions league.

Brahimi ari mu bakinyi bakomakomeye Porto imaze gusohora murino myaka ya vuba barimwo James Rodriguez, Hulk na Falcao.

Brahimi arerekana ubuhinga bwinshi iyo ariko arakina ivyo bigatuma umumenyereza w’igihugu ca Algeria Christian Gourcuff avuga kwata bakinyi benshi bashobora gukina nka we, bakina neza imbere n’inyuma iyo bikenewe.

Ubwoba atera iyo ariko arakina bwibonekeje igihe umugwi wa Algeria utsindiwe na Cote d’Ivoire mw’ihiganwa ry’igikombe ku bihugu vy’umugabane wa Africa mu kwezi kwa kabiri bihuriranye nuko Brahimi yasubiye hasi. Yakoze amakosa incuro indwi mururwo rukino Cote d’Ivoire yatsinzemwo ibitsindo 3 kuri 1.

Naho munezereje Brahimi yabandanije kubandanya aduga.

ICO UMUHINGA MU VY'UMUPIRA W'AMAGURU - MAHER MEZAHI AKORA MURI BBC MURI ALGERIA - AMWIYUMVIRAKO:

Aribaza ati: Ubwo hoba hari uwundi mukinyi azi gucenga nka Brahimi muri Africa? Ati ntavyo nibaza.

Akina nkuko abakunzi b’umupira ba Algeria bifuza ko wokinwa, uwo mukinyi numero 8 wa Porto akaba abonwa nk’umwami iwabo.

Ico nico gituma Brahimi akwiye gutsinda ubugira kabiri mw’igosora BBC igiye gukora ryo kurondera umukinyi wa mbere mwiza ku mugabane wa Africa mur’uno mwaka, kuko inkino yiwe inezereza abamukunda n’abandi bose bamurorera.

Mu mahiganwa yo murino myaka, yarashoboye gutera imbere aba umukinyi wo mu rwego rwo hejuru.

Uwo mukinyi asatira avuye hagati yinjije ibitsindo 8 afasha kwinjiza incuro zitandatu mu mahiganwa y’uno mwaka.

Ikindi nuko uwo musore yavukiye mu gisagara ca Paris yarushirijeho gukina neza mw’ihiganwa rya Champions league, ihiganwa riri hejuru y’ayandi yose.