Mungana ku ruhe rugero?

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Haracari ubusumbane bufatiye ku gitsina mu bihugu vyinshi vyo kw'isi

Ukoresheje ubu buryo bwa BBC bwo guharura, ushobora kubona ubusumbane hagati y'ibitsina uko bwifashe mu gihugu cawe, hamwe n'uko gihagaze ugereranije n'ibindi bihugu.

Andika igihugu cawe mu gace ko kurondera umenye uko gihagaze mu busumbane bw'ibitsina.

Ibiharuro vy'ubusumbane bw'ibitsina bitangwa mu cegeranyo c'ikigo Wold Economic Forum (WEF) kigereranya ibihugu hakurikijwe aho abagore bafise amahirwe menshi yo kugira uruhara mu buzima bwa politike n'ubutunzi bakanaronka uburenganzira bungana mu nyigisho no mu vy'amagara.

Bitangwa nande?

World Economic Forum, Unesco Institute of Statistics, OECD

Uburyo bukoreshwa

Mu kwerekana uko ubusumbane bw'igitsina buhagaze kw'isi, World Economic Forum yihweza ibintu birenga cumu bijanye no kugira uruhara mu vy'ubutunzi hamwe no kuronswa amahirwe, urugero rw'amashure yizwe, amagara hamwe no kuramba co kimwe n'igihagararo muri politike.

Gutanga ibibanza, bishikwako mu guharura ubusumbane bufatiye ku gitsina mu kuronka uburyo hamwe n'amahirwe mu gihugu kimwe kimwe. Ibi bitanga akaryo ko kugereranya ibihugu bikize n'ibikenye ubifatiye ku rugero rumwe.

Icegeranyo c'uno mwaka kiriga cumi mu bibamaze gutunganywa n'ico kigo mu bihugu 145.

Ibiharuro ku busumbane bw'imishara mu bitsina bitangwa na Organisation for Economic Co-operation and Development (OECD). Ibiharuro ku gihugu kimwe kimwe cose nivyo biba biheruka kuboneka kandi vyibanda ku kiringo c'imyaka 2010-13.

OECD iharura ko ubusumbane bw'imishahara ku bitsina ari ubudasa hagati y'imisharaha ibayabaye y'abagabo n'abagore hamwe n'imishara ibayabaye y'abagabo. Mu guharura hakoreshwa imishahara y'abakora akazi gakwiye gusa.

Ibiharuro ku rugero rw'abarangiza kaminuza b'abagore bitangwa na Unesco Institure of Statistics.