Ebola yagarutse muri Liberia nyuma y'amezi 3

Image caption Abantu barenga ibihumbi cumi banduye ebola muri Liberia, abarenga ibihumbi bine irabahitana

Abajejwe ivy'amagara bemeje ko habonetse abantu batatu banduye ebola muri Liberia, nyuma y'amezi atatu bitangajwe ko uwo mugera waheze.

Umwe muri abo barwayi n'umwana w'umuhungu w'imyaka cumi aba mu micungararo y'umurwa mukuru Monrovia.

Hari amakuru avuga ko abandi barwayi babiri ari abo mu muryango w'uyo mwana.

Ni inkuru mbi kuri Liberia, aho abantu barenga ibihumbi cumi banduye uwo mugera, abarenga ibihumbi bine nabo bahasiga ubuzima kuva uwo mugera ubonetse ubwa mbere muri ico gihugu.

Ico gihugu vyamenyeshejwe ko cahezemwo ebola mu kwezi kwa gatanu kw'uno mwaka, ariko mu kwezi kumwe haciye haboneka abandi barwayi.