Muri Mali batanguye ikigandaro c'iminsi 3 nyuma y'igitero

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare mpuzamakungu bakoranye n'aba Mali mu kubohoza ihoteri

Mu gihugu ca Mali hatanguye ikigandaro c'iminsi itatu nyuma y'igitero c'abarwanyi ba ki Islam kw'ihoteri ikomeye ku murwa mukuru Bamako.

Ico gitero co kuwa gatanu caguyemwo abantu cumi n'icenda hamwe n'abarwanyi babiri.

Caheze aruko abasirikare ba Mali hamwe na mpuzamakungu bahukiye iyo hoteri bakabohoza abari bagizwe imbohe, barimwo ingenzi hamwe n'abakora mw'iyo hoteri.

Imigwi itatu itandukanye y'abarwani ba ki Islam yose ivuga ko ariyo yagavye ico gitero.

Abakora itohoza bavuga ko hari inzira zitandukanye bariko barakurikirana kugira bamenye uwabikoze.