Igitero cahitanye abantu 12 muri Tuniziya

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Abantu 12 bapfuye, abandi 16 barakomereka muri ico gitero kuri bus

Ingingo y'ibihe bidasanzwe yafashwe inyuma y'igitero cagabwe kuri bisi mu murwa mukuru Tunis, hicwa abantu 12 bari mu barinda ubuzima bw'umukuru w'igihugu.

Yashizeho kandi umukwabu mu muji wa Tunis muri rino joro.

Abandi bantu 16 bakomeretse cane igihe imodokari barimwo yaterwa igisasu mw'ibarabara rikuru.

Ibihweza utundu n'utundi bavuga ko ico gitero gishobora gukekwa ko cakozwe n'abo mu mutwe witwaza ivyiyumviro vya islamu.

Nibo barezwe ko bari inyuma y'ibitero vyinshi mu ntango z'uyu mwaka, mu miji ya Tunis na Sousse, vyahitanye aabntu benshi barimwo abanyamahanga.