Kurandura umuco wo gushingira abana muri Afrika

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rishaka ko amategeko ashira imyaka yo kwubaka kuri 18

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryatunganije inama y'iminsi ibiri i Lusaka muri Zambia, igamije kurondera uburyo bwo gukurako ingeso yo gushingira abana.

Ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, rivuga ko abana b'abakobwa barenze umwe muri batatu muri Afrika, bashingirwa batarakwiza imyaka cumi n'umunani.

Ico gitigiri cerekana ukugabanukwa kwa cumi kw'ijana ugereranije no mu myaka yaheze, ariko UNICEF ivuga ko ubiravya ata cahindutse mu miryango usanga ikenye muri Afrika, aho kurongorwa bibonwa nk'aho ari ngirakamaro kuri kazoza k'umwana w'umukobwa kurusha kwiga.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rishaka ko bigirwa itegeko, imyaka yo kwemererwa kwubaka ikaba cumi n'umunani.