Umuhanuzi wa Prezida Nkurunziza yahatswe kwicwa

Image caption Umuduga wa Zenon Ndaruvukanye wategerewe ari mu micungararo y'isoko rya Cotebu

Umwe mu bahanuzi b'umukuru w'igihugu c'u Burundi yahatswe kwicwa n'abantu bamutegereye avuye muhira iwe mu Kajaga, Bujumbura rurale.

Zenon Ndaruvukanye yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho mu micungararo y'isoko rya Kotebu, umupolisi yari amuherekeje ahasiga ubuzima ariko we ararusimba.

Abo bamuteze baciye bahunga, umuduga wa Toyota Hilux barimwo bawusiga hafi y'isoko, binjira mw'isoko.

Babiri muri bo baciye bafatwa, umwe ashobora guca mu ryahumye abajejwe umutekano.

Image caption Abateye basize umuduga wa Toyota Hilux urimwo ibirwanisho

Uwo muduga abapolisi bawusanzemwo ibirwanisho bitandukanye birimwo inkoho za kalashnikov, ama mitrailleuse, ama rokete hamwe n'ama grenade.

Abo bantu kandi ngo bafatanywe n'amabombe abiri hamwe n'ibirwanisho vyo mu bwoko bwa RPG.

Igipolisi kandi kivuga ko abo babiri bafashwe, baciye berekana aho babika ibirwanisho mu Kinindo, aho igipolisi casanze ibirwanisho vyinshi.

Image caption Babiri bafashwe beretse igipolisi aho babika ibirwanisho mu Kinindo

Ngo hafashwe mortier 60 imwe, rokete 6, grenades, kalashinikov 19, inkoho zitera amabombe RPG 7, mi kalash, ibikono vy'amasasu, imyambaro ya gisirikare 24 hamwe n'ibindi bikoresho.

Mwomenya kandi ko Zenon Ndaruvukanye yahoze ari buramatari w'intara ya Bujumbura rurale.

Vyari bimaze kuba

Si ubwa mbere umuntu ari mu nzego za leta ahakwa kugandagurwa canke akagandagurwa n'abantu bitwaje ibirwanisho bamutegereye.

Mu kwezi kw'umunani, uwundi muhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu, akaba yarigeze no kuba umukuru w'urwego rujejwe iperereza, Gen Adolphe Nshimirimana, yaragandaguwe n'abamutegereye mu Kamenge.

Nayo mu kwezi kw'icenda umugaba w'ingabo z'u Burundi Gen Prime Niyongabo, nawe yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho baramuhusha kw'ibarabara rija mu Rumonge.

Ubwicanyi mu Burundi bumaze guhitana abantu barenga amajana abiri kuva mu kwezi kwa kane, igihe Prezida Pierre Nkurunziza yagenwa ngo aserukire umugambwe CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu mu kiringo kigira gatatu.