Abapolisi bane bishwe i Cairo mu Misiri

Image caption Ikibanza ca Giza kigendwa n'ingenzi nyinshi

Abantu babiri bari kw'ipikipiki bambaye ibibayoberanya mu maso, barashe abapolisi bane barapfa i Cairo, umurwa mukuru wa Misiri.

Abo bapolisi bari barinze ikibanza bagenzurirako abarengana ku nyubako ya Djoser, ahantu hakundwa n'ingenzi nyinshi mu kibanza ca Giza, abajejwe itohoza bakaba bahashitse.

Hari amakuru avuga ko abagavye ico gitero bivye ibirwanisho vy'abo bapolisi.

Abarwanyi ba ki Islam mu Misiri baramaze kwica abapolisi barenga mirongo ibiri hamwe n'abasirikare, banatega amabombe mu nyubakwa za leta.

Ivyo ni kuva aho igisirikare gikuriye ku butegetsi umukuru w'igihugu yari ashimikiye ku vyiyumviro vya Islam, Mohamed Morsi, mu 2013.