Ikinogo catawemwo abantu ijana catowe muri Irake

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Islamic State ifata nka sakirirego ivyemerwa n'aba Yazidi

Mu buraruko bwa Irake hatowe ikinogo capfubwemwo abantu barenga ijana ikivunga bivugwa ko bishwe n'umugwi w'abarwanyi Islamic State.

Kibaye ikinogo kigira gatandatu gitowe, capfubwemwo abantu ikivunga mu micungararo canke imbere mu muji wa Sinjar, kuva bawatse Islamic State.

Abo barwanyi bishe abo mu bwoko bw'inkehwa bw'aba Yazidi, abandi bashirwa mu buretwa, abagore basambanywa ku nguvu, igihe uwo muji wafatwa mu mwaka uheze.

IS ifata ko ivyemerwa n'aba Yazidi, basanzwe bavuga ururimi rw'igi Kurde, ari sakirirego.