Imisa ya Papa muri Uganda yitabwe n'ibihumbi

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Papa ari mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika

Isinzi ry'abantu muri Uganda bitavye imisa y'umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis.

Abantu imiriyoni zibiri nibo bagomba kwitaba iyo misa i Namugongo ku murwa mukuru Kampala.

Imbere y'iyo misa, Papa Francis yagendeye intatemwa y'Abanglikani, yubakiwe umugwi w'Abakristu bishwe mu mpera z'ikinjana ca 19, kw'itegeko ry'umwami yashaka ko baheba Ubukristu.

Papa, yagira mu muduga wiwe wuguruye Popemibile, yakiriwe n'abasenyeri ba Anglikani bamwereka iyo ntatemwa yose.