Amatora muri Burkina Faso

Uwufise ububasha kw’isanamu

Amatora y'uno munsi abaye aya mbere Burkina Faso itunganije kuva habaye imyiyerekano yo kwikurako Blaise Compaore yari yarumiye ku butegetsi igihe kire kire.

Ayo matora yari kuba yatunganijwe mu kwezi guheze, ariko arabangira kubera abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa cenda, bari barongowe n'abasirikare barinda umukuru w'igihugu.

Amatora y'uno munsi kandi niyo azoheza agaca arangiza ikiringo c'infatakibanza cakwirikiye ikurwa ku butegetsi rya perezida Blaise Compaore.

Abanyamakuru bavuga ko ashobora kuba ariyo matora abaye mu bwisanzure no muri demokarasa muri kahise k'ico gihugu.