Cop21: bariyamiriza ihindagurika ry'ikirere

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc

Imyiyerekano igizwe n'ingendo zikorwa mu mutekano yatunganijwe imbere y'inama ya Cop21.

Mu Bufaransa babujijwe gukorana mu muji wa Paris kubera ikibazo c'umutekano, aho mu gishingo c'urugendo bari kugira hahatondetse ibirato.

Image caption Ibirato mu kibanza c' urugendo

Ariko hari abanse kugondozwa batanye mu mitwe n'igipolisi mu kibanza co muri uwo muji pita Place de Republique.

Image caption Umukuru wa Labour Jeremie Corbin mu bari mu rugendo kw'ihindagurika ry'ibihe i Londres

Hano Londres bari mu rugendo rwo kwifatanya n'abandi bifuza gukebura abategetsi buca bakorana iParis.

Ingendo nk' izo zirateganijwe New York , Rio de Janeiro na Mexico City, uyu munsi nyene.