Baracaharura amajwi muri Burkina Faso

Amatora yabaye ejo yo guhitamwo umukuru w'igihugu n'abashingameta, niyo yabaye aya mbere atunganijwe muri Burkina Faso, kuva Blaise Compaore akuwe ku butegetsi.

Ubu bariko baraharura amajwi.

Abahiganiwe intebe y'umukuru w'igihugu bari 14, aho bivurwa ko abakomeye muri bo ari Roch Marc Christian Kabore na Zephirin Diabre, bompi bakoranye na Blaise Compaore kugeza bamuvuyeko.

Bwana Compaore yahungiye mu gihugu kibanyi ca Cote d'Ivoire mu mwaka uheze, igihe yiyamirizwa n'abanyagihugu bamukuye ku butegetsi yari amazeko imyaka 27.

Abasirikare bari bamushigikiye bagerageje gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kw'icenda, ariko amakungu arabagondoza kubusubiza mu minwe ya leta y'infatakibanza.