COP21: abategetsi b'isi bashobora kumvikana?

Uwufise ububasha kw’isanamu

Inama ibera i Paris mu Bufaransa yatunganijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Muri iyo nama biteze gushika ku masezerano yotuma imyuka irungikwa mu kirere ituma ubushuhe bwongera kw'isi, igabanuka.

Ibihugu bigera ku 180 nivyo biserukiwe muri iyo nama izomara indwi zibiri.

Umunyamakuru wa BBC ariyo avuga ko ivyo bamwe biyemeje bamaze bagiye gushikiriza muri yo nama bitazoba bikwiye gushika ku ntego yoshimisha bose.

Ico bashira imbere n' ukugabanya imyuka yonona igisenge c' isi igatera ubushuhe, ku buryo uko kwiyongera kutorenga "degre" zibiri ku gipimo ca Celcius.

Hari kandi urwandiko rwo mw'ibanga rwa leta zunze ubumwe za Amerika rwoba ruvuga ko ico gihugu iteguye guhakana gushira igikumu ku masezerano ayo ariyo yose yoza ateganya ibihano kuri ico kiabzo co kugabanya imyuka yonona ikirere.