Burundi : Abantu 8 baraye bishwe

Hashize igihe havugwa umutekano muke mu bice bimwe bya Bujumbura. Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hashize igihe havugwa umutekano muke mu bice bimwe bya Bujumbura.

Mu Burundi abantu 8 baraye bishwe , 9 barakomereka mu bice bitandukanye vy' igisagara ca Bujumbura mu ijoro ryakeye.

Batatu muri abo baraye bishwe, batowe ibiziga baciwe imitwe kw' ibarabara rya 13 muri karitiye Mutakura mu buraruko bw 'igisagra ca Bujumbura.

Igihe c'isaha zine ku masaha yo mu Burundi, igihe abamenyeshamakuru ba BBC bahashike ivyo biziga vyari bikiri aho nyene, birambitse mu kidengeri c'amaraso.

Abanyagihugu baba mu micungararo bari baje kuraba, ubona ko bumiwe.

Bamwe muri bo babwiye BBC ko ata n'umwe muri ivyo biziga bashoboye kumenya, kandi ko muri iyo karitiye ya Mutakura haraye hatekanye ata rwamo rw'amasasu canke ibiturika vyumvikanye.

Ibindi biziga bibiri vyatowe mu gatondo k'uno munsi, kimwe catowe aho nyene mu buraruko bw' igisagara muri karitiye Cibitoke, ikindi gitorwa muri karitiye Jabe hagati mu gisagara.

Pierre Nkurikiye - umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi - yabwiye BBC ko umwe muri bo yari umwigisha kw'ishure ry' imyuga ETS Kamenge uwundi nawe ngo yatwara Taximoto.

Ng'amatohoza amaze gutangura kugira bamenye ico biciwe n'abari inyuma y'ubwo bwicanyi.

Uwo avugira igipolisi yavuze kandi ko hari n'umupolisi umwe yaraye yishwe abandi batatu barakomereka muri karitiye ya Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Bari mu gikorwa co gukizura ca minsi yose ngo baterwa amagrenade n'umurwi w'abantu batamenyekanye.

Aho mu Nyakabiga no kw' i Jabe hakaba haraye humvikana urwamo rw 'amasasu n 'amagrenade.

Umutekano ntiwaraye uhungabanye mu gisagara ca Bujumbura gusa.

Muri zone Gatumba, komine MUTIMBUZI intara ya Bujumbura rural ku birometero 13 uvuye ku kurwa mukuru Bujumbura, abantu 2 baraye bishwe abagera kuri 6 barakomereka cane batewe grenade bari mu kirabo.

Mu gipolisi bamenyesha ko amatohoza amaze gutangura.

Ikibazo c' umutekano muke mu Burundi, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura catanguye ku va mu mpera z'ukwezi kwa kane hatanguye imyiyerekano y'abiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Prezida Nkurunziza mu kibanza c' umukuru w'igihugu.

Kuva ico gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abamaze kwicwa barenga ku 250.