Yakatiwe imyaka 25 ku kwanduza SIDA

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugore yibungenze ariko yipimisha umugera wa SIDA

Yem Chrin, yiyita umuganga, yagirizwa kwanduza SIDA abantu barenga 200, bamwe muri bo bamaze gupfa.

Yanduje umugera wa SIDA abantu baba mu gihugu hagati mu kirwati ca Roka kiri mu buraruko bushira uburengero, mu gusangiza inshinge zidasukuye ku barwayi.

Ubwa mbere yari yahamijwe icaha co kwica, mu nyumas ico caha kigabanywa ku rugero rwo kwica atabishaka.

Ico kibazo cerekana uburyo mu bice vyinshi vy'igihugu ca Cambodge hakiri ibibazo vy'ubuvuzi, aho usanga abaganga batabifitiye uruhusa aribo bavura abantu.