Ubwongereza bwateye IS muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Indege zine zuzuye ibisasu zandurutse kw'izinga rya Chypre gatoyi inyuma y'aho ico cemezo gifatiwe mu nama nshingamateka ejo kuwa gatatu.

Umunyamakuru wa BBC ajejwe amakuru ajanye n'ivyo kwivun'abansi, avuga kw'ivyo bitero vy'Ubwongereza vyatumberejwe cane cane ku bibanza bitandatu vy'umurwi IS mu buseruko bwa Syria.

Uwo munyamakuru avuga ko muri ivyo bibanza vyatumberejwe harimwo amahinguriro y'ibitoro ari nayo bibaza ko IS ikuramwo amafaranga.