Uganda yirukanye umunyamerika akora magendu

uganga gloves
Image caption Ibirato vy'intoke Ryan Andrew Gustafson yakoresha mu kunyegeza amakanda.

Sentare imwe yo mu gihugu ca Uganda yategetse ko umunyamerika yari amaze imisi aburanishirizwa I Kampala, yagirizwa gusubiramwo amahera ashika ku 180.400 y'amadollars ya amerika, asubizwa iwabo.

Ryan Andrew Gustafson, akurikiranwa ku caha nk'ico no muri Amerika, yasavye umucamanza ko atokwirukanwa.

"Noshima kuguma mw'ibohero ry'I Luzira hakunsubiza iwacu. Barya bantu bonyica," uko niko yavuze ata bindi bisobanuro atanze.

Igihe Gustafson yahagarikwa mu kwezi kwa cumi na kabiri mu kwaka uheze, barasatse ku muhana iwe babona ikibanza kinyegejemwo amahera ya magendu y'amashillingi ya Uganda, amahera yo muri Congo, ayo muri Ghana, mu Buhinde hamwe n'ama Euro, hamwe n'ibindi bintu vyinshi vyiganywe.