Kugurisha amasashe vyotuma agabanuka?

Leta y'Ubwongereza yatanguje ingingo yo gutangisha £ 0.05 ku masashe akoreshwa mu maduka y'Ubwongereza kuva mu kwezi kw'icumi.

Intumbero y'iyi ngingo n'uguhimiriza abaguzi gukoresha kenshi ivyo basumiramwo kugirango boye gutora amasashe mu maduka no kuyakwiragiza.

Ivyo ngo bigabanya cane uburyo bushirwa mu gikorwa co gusukura ahakwiragizwa imicafu.

Umwaka muheze wari ugize kane, igitigiri c'amasashe ya plastike yakoreshwa mu Bwongereza cariyongera, aho muri uwo mwaka hakoreshejwe ayagera kuri miliyaridi 7,5.