CAR: Seleka yateye ikambi y'impunzi

Abari mu bateye batanu nabo bishwe n'abajewe kugarura umutekano bo mu nteko z'ishirahamwe mpuzakungu ONU.

Ico gitero cagabwe n'umuhari Seleka nk'uko bivurwa n'umuvugizi w'ingabo za ONU, Farhan Faq.

Avuga kandi ko uwukekwa ko ari umukuru w'uwo murwi urwiriyemwo aba isilamu, yatawe muri yompi.

Hari kandi n'umusirikare umwe wa ONU yakomeretse muri ico gitero, kibaye hadashize n'indwi Papa Francois agendeye ico gihugu.

Uwo mwungere mukuru wa Ekleziya yari yahamagariye abanya Santarafirika gusigaho indyane hagati y'abavukagihugu.