Uganda yatwaye igikombe ca CECAFA

Bubaye ubwa 14 Uganda itwara igikombe ca Cecafa, intsinzi y'uno munsi bakaba bayikesha Ceaser Okhuti.

Uyu mwaka wahiriye imisambi ya Uganda, nibo bonyene mw'itsinda ry'akarere ka Afrika y'ubuseruko bashoboye gutsindira kuzohiganirwa igikombe c'isi ca 2018.

Umumenyereza w'umurwi wa Uganda Milutin Micho Sredojovic, yavuze ko yashimishijwe n' intsinzi y'umurwi wiwe.

Micho yari yigeze kumenyereza umurwi w'Urwanda, aho yashikanye Amavubi mu gice ca nyuma ca Cecafa mu 2011, naho nyene batsinzwe na Uganda kuri penaliti.

Eka n'urukino rw'uno munsi ntirwari rworoshe kuko impande zompi zerekana amahirwe.

Uganda, Ethiopia n'Urwanda, vyose vyararonse itike yo kuja mu nkino z' igikombe ca CHAN 2016, kizotangura mu kwezi kwa mbere mu Rwanda.

Ethiopia yatahanye ikibanza ca 3 mu nkino za CACAFA, ikuyemwo Sudani kuri penaliti 5-4, inyuma yo kurangiza urukino banganya 1-1.