Habonetse ikinogo ciciwemwo abantu muri Kenya

Mandela killings
Image caption Hatowe ikinogo cahambwemwo abantu muri Kenya

Abantu bo mu gisagara ca Mandela, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya, bavuga ko babonye ikinogo kirimwo ahantu hari bantu barenga 20 bahambwe hamwe.

Muri ivyo biziga, harimwo umupfasoni umwe vyari vyavuzwe ko yazimiye mu misi itanu iheze.

Amasanamu ateyue ubwoba zari zikwiragiye ku mbuga za internet zitandukanye, zerekana bimwe mu bihimba vy'umubiri biriheju.

Ibindi biziga vyari gusa. Ikiziga c'umupfasoniwaboneka ko umaze kononekara cane ni wo wari uteye ubwoba cane.

Nyakwigendera bivugwa ko yari afise abana batanu, akaba yafashwe n'abantu bataramenyekana mu misi ine iheze. Umukenguzamateka wo muri ako karere, Billow Kerrow, yavuze ko ivyo bintu biteye ubwoba kandi ko ubwo bwicanyi bwateguwe.

Image caption Umukuru w'igipolisi Joseph Boinnet aremeza urupfu rw'uwo mupfasoni ariko arahakana ko atakinogo gihari kihambwemwo abantu.

Umukuru w'igipolisi Joseph Boinnet yemeje urupfu rw'uwo mupfasoni, ariko arahakana ko ata kinogo kirmwo abantu bahambwe hamwe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bemeza ko igipolisi kirwanya iterabwoba gisanzwe cica abikekako ico caha.

Babaneguye abajeje umutekano kubera badakurikiza amategeko mu kwica ivyabona imbere imbere yuko imanza zabo zirangira.

Mu mwaka uheze, icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto, yavuze ko abagirizwa iterabwoba barekurwa batanze ingwati vyoroshe cane igihe baba bajanywe muri sentare, bagaca batoroka ntibasubire kuboneka.

Mu kwezi kwa gatanu, ibiziga cumi na kimwe vyarabonetse mu kinogo mu gisagara ca Wajiri, mu bumanuko bwa Mandela.

Amasase yabonetse iruhande y'ahari ivyo biziga yatumye haba ukwikeka ko bishoboka ko igipolisi kijejwe kurwanya iterabwoba kibifisemwo uruhara.