Burundi: Abakabakaba 100 bafunguwe

Image caption Abarekuwe mu buroko babanje gusezerwaho mu birori

Abantu bashika hafi ijana bari bafatiwe mu myiyerekano mu mezi aheze barekuwe uno munsi i Bujumbura mu Burundi.

Abo bantu bari bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba benshi barekuwe kuko ata caha cabagira abandi baciriwe gufungwa icamaso.

Ubaye umugwi wa kabiri urekuwe inyuma y’abana 58 baheruka kurekurwa mw’ibohero rya Rumonge. Ariko haracari ibihumbi bakirindiriye gucirirwa imanza.

Abanyororo babanje kuvuza umurisho w’ibirori vyo gusezera bagenzi babo bari barekuwe.

Si ibisanzwe ko abanyororo bavugirizwa ingoma, ariko irekurwa ry’abo bantu Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu bufatanije n’ubw ‘ubutungane bwarigize ibirori.

Imbere y’ibohero rya Mpimba, aho bari bakoranirijwe bacambaye umwambaro w’urwatsi rutoto w’abanyororo, abagira barekurwe babanje guhabwa impanuro n’inyigisho z’ingene bakwiye kuzokwifata mu buzima bushasha.

Hafi bose muri bo bafashwe mu gihe c’imyiyerekano. 76 kuri 98 ubutungane bwasanze atakibagira.

Abandi 22 baciriwe umunyororo utarenza imyaka ibiri wo gupfungwa icamaso.

Aho mw’ibohero rya Mpimba hafungiwe abanyororo bashika ibihumbi bine, hafi ibihumbi bitatu baracarindiriye gucirirwa imanza kandi benshi ni abafashwe mu ruhagarara rw’imyiyerekano n’intureka yakurikiye kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane perezida Pierre Nkurunziza atangarije ko aziyamamaza mu ciringo ca gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano buherutse kumenyesha ko abamaze gufatwa bose muri ico gihe barenga ibihumbi bitandatu.

Ibindi kuri iyi nkuru