Abantu indwi bishwe mu gisagara ca Bujumbura

Image caption Umuvugizi w'ipolisi, Pierre Nkurikiye, asigura ko abo bantu bishwe igihe abapolisi basubiza abari bamaze kubatera amagrenade

Batanu biciwe muri komine Ntahangwa muri kino gitondo, abandi babiri, umusivile n'umupolisi bakaba batowe ibiziga iruhande y'ibiro vy'igisagara ca Bujumbura.

Abasore batanu biciwe kw'ibarabara rya 15 muri zone Cibitoke mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, inyuma y'isaha z'ibiri zo mu gitondo.

Ababa aho biciwe bavuga ko haje imodoka irimwo abapolisi binjira mu rupangu bavuga ngo barondera aba ''jeunes'' n'ukuvuga abakiri bato bari bahejeje kubatera ama grenades.

Umugore ariko arakoma induru amasozi yuzuye amaso yavuze ati ''uwo we niho yarakiva ku kazi, yanaberetse ikarata y'akazi baranka kumwumva''.

Umuvugizi w'igipilisi Pierre Nkurikiye asigura ko abo bantu bishwe igihe abapolisi basubiza abantu bari bahejeje kubatera ama grenade yakomerekeje babiri muri bo.

Uwundi muntu yaraye yiciwe hafi y'ibiro vy'igisagara ca Bujumbura biri kw'ibarabara rya 6 muri zone Bwiza. Hari n'umupolisi yahiciwe.

Ivyo biro hari abantu bataramenyekana baraye bagerageje guturira ahari ububiko bw'impapuro zitandukanye ariko nta vyinshi vyononekaye.