Hilary Clinton arityamiriza amajambo ya Trump

hilary clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hilary Clinton

Uwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'aba Democrate, Hilary Clinton, yanebaguye uwo bahiganwa wo mu mugambwe w'aba republicain, Donald Trump, anavuga ko ateye ibibazo.

Yavuze ko atakimubona nk'umuntu atwenza afatiye kuvyo yavuze ko aba islam bokwankirwa kwinjira mu gihugu ca Amerika.

Ku ruhande rwa Trump, yavugiye mu nama imwe ko abantu benshi bemera ko ivyo yavuze ari vyiza.

Mu gihugu c'Ubwongereza, inyandiko iri ku mbuga ngurukanabumenyi isaba ko bokwankira Donald Trump kwinjira muri ico gihugu, imaze kuronka abantu bangana n'igice c'umuliyoni bayishigikira.