Impuzi z'abanye Syria zashitse muri Canada

justin trudeau Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Canada ariko arakira impunzi zivuye muri Syria

Indege ya mbere ya gisirikare itwaye impunzi zivuye muri Syria, bahawe ubuhingiro n'igihugu ca Canada, kubera intambara ibandanya muri ico gihugu, yashitse I Toronto.

Abantu 163 bavuye muri Syria, bakiriwe ku kibuga c'indege co ku mugwa mukuru Toronto n'umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau.

Reta ya Trudeau yatowe mu kwezi kw'icumi, yiyemeje kwakira impunzi 25,000 bo mu gihugu ca Suria gushika mu mpera z'uyu mwaka.

Kubera ibitero vy'iterabwoba vy'i Paris, iyo reta yaciye ihindura, ubu abandi bakaba bitezwe mu ntango y'umwaka uza.