Incuro ya mbere abapfasoni batoye muri arabie Saudite

woman voting in saudi arabia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abapfasoni bo muri Arabia Saudite bitavye amatora ubwa mbere

Abitavye amatora mu gihugu ca Arabie Saudite bariko baratora abarongoye ibisagara, aho abapfasoni barekuriwe gutora incuro ya mbere.

Abapfasoni kandi bitoje mu bibanza bitandukanye, bikaba ari ubwa mbere, mbere ico gihugu akaba ari co conyene umupfasoni atarekuriwe gutwara imodoka kw’isi. Abapfasoni 978 bitoje mu burongozi butandukanye ku bagabo 5,938.

Vyabaye ngombwa ko abapfasoni bariko baritoza bashikiriza imigabo n’imigambi yabo binyegeje inyma y’igitambara, canke bagaserukirwa n’abagabo babo.

Abapfasoni bashika ku 130,000 ni bo biyandikishije kija gutora, ku mulioni umwe n’ajana atatu na mirongo itanu bari muri ico gihugu. Salma al-Rashed, yabaye umupfasoni wa mbere yiyandikishije gutora.

“Niyumvise neza cane “, uko ni ko yabwiye BBC, “ Ihinduka ni ijambo rikomeye cane, ariko amatora ni yo nzira yonyene ishobora gutuma duserukirwa mu butegetsi.” Nta matora yigeze aba mu myaka 40, hagati ya 1965 na 2005.

Ingingo yo kureka abapfasoni ngo bitabire amatora, yafashwe na nyakwigendera umwami Abdullah n’ubutegetsi bwiwe, ari co babwibukirako.