Amasezerano kw'ihindagurika ry'ibihe yemejwe

barack obama Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida barack Obama wa Amerika ariko arashikiriza ijambo mu nama ya COP21 i Paris

Amasezerano kw’ihindagurika ry’ibihe yumvikanyweko I Paris “ ni akaryo keza ko kwubungabunga iyi si imwe yonyene dufise”, ivyo vyavuzwe na Prezida wa Amerika Barack Obama.

Yavuze kizoba ari ikintu gikomeye bashitseko kw’isi ryo gushobora kugabanya ivyuka bibi kw’isi muri kazoza.

Ubushinwa, igihugu ca mbere gisuka mu kirere ivyuka bibi, na bwo bwashimagije ayo masezerano.

Ariko amwe mu mashirahamwe yavuze koi co gihugu kitakoze ibikwiye mu gukingira isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amakungu yiyemeje kugabanya ubushuhe kw'isi gushika musi ya degre 2

Amasezerano y’I Paris ategekanya kugabanya ubushuhe kw’isi gushika musi degree 2.

Ibihugu vyababa 200 ni vyo vyitavye ivyo biganiro bitari vyoroshe vyabereye ku mugwa mukuru Paris, vyamaze indwi zibiri, bishitse ku masezerano asaba ibihugu vyose kugira akigoro mu kugabanya ivyuka vy’ubumara.

Ayo masezerano, ku ruhande rumwe ategeka ibikwiye gukorwa, ku rundi ruhande akaba ari ugushaka kw’ibihugu, azotangura kuja mu ngiro mu 2020.